Muhororo

607

Muhororo ntega yompi, nyongorera umpoze, unkize intimba. Banyagire.

Ni gute izina riguma ari rya rindi
Kandi udasiba gutemba?
Ayo uvyukanye si yo urarana.
Kayo kaguma karabagirana 
Ku mishwarara y’izuba
Inyenyeri zizimye hakuno.

Nje umbwire uko wabonye
Ibihe biha ibindi
Uko bikina amatavu ku nkombe zawe
Ata bwoba bw’ubucana ayandi
Uko agatima karitse muri bo
Ntibadohoka ku co biyemeje.

Nyagira Bizima vyita izina rigira umuntu
Nyagira igihendabaja c’ubuzima
Amarira y’ivuka
Amosozi y’urupfu
Uko umuntu agenda atagiye.

Nyagira wa mutima wama utanga
Vya vyiyumviro vyakiza
Za mpano zakenuye
Vya bisabisho vyishuwe
Vya biganza vyugurutse amatara akaka 
Amurikira ubukeye neza.

Reka nkuyagire uko unyibukije
Abacu tutagwaje, tutaseguye
Tutaherekeje, tutasezeye
Rya sevu n’ikiniga
Uko amarira atonyanga 
Mu gahinga ka nyaga na nde
Abakunzi bari kure ngo baguhoze
Akabonge k’umushaha 
Wipfuza abo utari bubone
Karwaza umubiri
Ibizunguzungu n’irungu
Ugasara atawugusama.

Reka nkuyagire ibihe bito na binini
Ubutore bwatewe amashurwe
Umugisha utungisha
Ubutunzi buteturura
Amashi inyuma ya ya majambo
Amazina arenze inyuguti
Ubutwari bwubaka iragi
Vyizigiro vyigiriye kare.

Muhororo temba, temba
Ugere kure wifatanye n’izindi nzuzi
Musume musamirira
Mwongorere abari hafi na kure
Ntibanjanjwe ku bo bafise
Ubuzima ni umuravyo
Ni akanya isase.

Kāzé

P.S: Ce poème est un hommage à 2 personnes très chères que les maladies m’ont enlevées l’an dernier en ce mois-ci.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *