Mpore !

470

Mvuge iki ko ivyo wikoreye ntaranabikubita ijisho ? Umutima ugize uti : mpore, mpore ntwari!

Waranyagiye, mbura ico nishura.
Ntembereza ubwenge, mbaza umutima
Numva ijambo nokubwira ni rimwe :
Mpore !

Ku majoro agahinda kakubujije kuryama,
Watora itiro ukazindurwa n’akabonge, mpore !
Uri intwari kuko umusi wose mushasha,
Warawutwengera uko uje kwose.

Aho watabaje ukabura uwukwumva,
Ugahebura n’uwobona amarira yawe ngo aguhoze, mpore !
Uri intwari kuko wibagira ayawe ugahanagura ay’abandi.
Umunezero wabahaye niwo waguhojeje.

Ku gateka n’uburenganzira vyawe watswe,
Ku bwoba bwa kazoza bwose watewe, mpore !
Uri intwari, wabujije ubukoko wagiriwe kukunyaga ubuntu
Ahubwo uba uwutanga icizere ku bandi.

Aho wakubise ibipfunsi impome,
Imvura ikagwa ariko ntitotahaze ubuzima,
Ukibaza ko ata yindi nzira vyari gucamwo,
Menya ko iyi vyaciyemwo yakugize uwo benshi batangarira
Koko uri INTWARI.

Shema

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *