Inyenyeri

485

Iki cese gihaya ubutwari bw’inyenyeri, izo tuzi n’izitamenyekanye;
Kibasunikire kurahura kur’ubwo bumwe; kibibutse uko igihugu cacu n’ubuhizi bw’abagituye amaboko, umutima n’ubuzima…

Kuri bura bwanje mfise ku mutima,
Ndakwandikiye kano gakete ukazirikane, uzogatekere nk’impamba,
Ehe ubusaza bunsanze nshagaje kw’ishwi, mu gahinda ka nyaga na nde,
Ndengukanye igishika nyakirira iri shishiro nkigushashaye, unture utwo ntengatiye,
Sinshengere ntagushikirije ikiraje ishinga ahahishije i bwina Bura bwanje.

Reka nkuyagire ikiri ku mutima, umutima utekane dutere ryarenga,
Reka nserure, ngusesekarize icari kinsesereje ntarinze kumena ibanga,
Reka mvuge ntavugiye umuvumbi ku muvumba nigine za ncungu zacu,
Zimwe zitanze zitagoberewe mu kugoba umwansi w’igihugu cacu.

Ikiguzi c’abiguze Uburundi ubuzima, intuntu n’intureka bigashira nticari coroshe,
Ukwo kwikukira wumva yar’intambwe izo ntambwe zabiriye icuya zadutambukije,
Ba kavamahanga bahangwa n’ivyo bihangange barateshwa tubona gutora agatiro
Uwabunda zibundika zigwirira iwe, indushi zikoma amashi, igihugu kibona akoyoko.

Ico gihe imirambi yarirambijeko umunezero, abo mu kirimba baririmba,
Amateka amata kunyandiko, niko koko igihugu cari kironse urumuri,
Abatubera rutarara baratatamurwa, igicaniro gicanirwa intahe yo kwikukira,
Amabendera arakurakuranwa, umuco ucura umwiza, abahizi nabo barahiga.

Reka mpaye mpayagize izo ntore zitahiye coba kubw’ igitsure c’abanyamahanga
Zavuye mu binuze ziyambura iceyi ziteturura icabibarutse,
Bagitereka mu mataba asharije ubwiza, abana bagakamirwa ayera
Ntega ugutwi ngucire ku mayange za nyenyeri zo nyen’ubuto n’ubutore, Bura bwanje.

Reka nshingire intahe izo ncungu zacunguye abari bacinyijwe bagahagarara bwuma
Bakigura Uburundi bwa nyaburunga ubuzima, bakazimangana kugira ibendera riduzwe dukire,
Intarira amatama yose bemera gusonza, batambuka bashingura, bashinga icumu mu mashinga
Inzamba zirasamirana, ingoma ziranihira tugabana intahe y’ubugabo, iragi baturaze urazorizirikana.

Ubuntu n’agateka niryo ragi badusigiye, ababakomotseko tuzorikurikize.
Ubutwari, ubugabo n’ubwira bidushware tubishwiragize muri bene Burundi
Uragahangara ukuri, ukukuruke ukigukikiye, ugupfukurire abuzukuru bene gihugu
Ndavuga nsimvura bura bwanje, ijambo ryanje ryemanga ubuto n’ubutore batoranije.

Bari bato ntibari gito, bashira aho intahe ishize,
Tubibukira kuri vyinshi kuko badutuye intebo ishushe bakiza benshi ku bwinshi,
Murundi bura bwanje kunda unkundire muronderere hamwe ubumwe,
Mufatane ukuboko mugwane munda kuko muri bene umugabo umwe.

Urakagira ibanga n’ibango ubangiramwo imbuto
Urakaramba, urakagwira, uragahorana iteka uritere icakwibarutse.

Alain Kay

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *