Inkumbu

549

Aho amakanda yawe yishushanije ntihazozimangana, ni mu mutima…

Inkumbu, 
Zituma kuva ugenda nibaza icakujanye,
Bikantera umutima mubi nkirirwa nijiriwe ku mutima
Mu maso ntavyo wobona waranyigishije kwama nkeye. 

Inkumbu, 
Zituma mvyuka ndakuvuga 
Nkirirwa ndakwiyumvira
Nkarara ndakurota iyo ndaye neza
Uwo ndawita umusi mwiza kuko tuba twawumaranye.

Inkumbu, 
Zituma iyo numvise bakuvuga nkanguka,
Hagira uwukumbaza nkanezerwa
Mpimbarwa no kukuyagira abatakumenye
Nakare abeza bararatwa. 

Inkumbu, 
Zintuma gukora ivyo nibaza vyokunezera,
Nkibagira ko kumbure wari guhimbarwa n’uko nkora ibinshimisha jewe nyene.
Nama nibaza uko ubona uko nahindutse, ico wiyumvira ku vyo nkora
Ariko si ho uri ngo umpe inyishu, 
Ndibuka uko nari ndakuzi nkaca niyishura. 

Inkumbu, 
Zintuma ngira imisi yahariwe wewe gusa 
Aho niyibutsa ibihe vyiza vyose twabanyemwo
Sinkavyibagire kuko nta bindi ndi buronke ndabizi
Ndabizigama nk’inzahabu nzigako ubutunzi ntangere.
Nta n’uwo ndabibwira si benshi bontahura, na vyo ndabizi.

Inkumbu, 
Zintuma menya kunezerwa n’umwanya wa kubu, kuko kahise katazogaruka kandi kazoza ntakazi. 
Zintuma nkunda abo turi kumwe ubu, nkabumbwa n’ivyo mpambije.
Ibisigaye nzobikuyagira ninakubona, 
Nturi kure cane ndakuzi ntiwogenda akagirire ngo umpebe.

Sheï

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

One thought on “Inkumbu

  1. 🥹
    Icese ciza, gikora ku mutima ❤️ unkoze ku mutima.
    Utere imbere nkumuzinga✨