Inka n’imirima

440

Uti azoba ahagaze muri uyo muhora umurangiye, mu makanda ya Rukundo na Juru

Kanyoni we, 
Kuki ufashe iryera weraguza ?
Ubwo ntiwoba wazimiye nkuzimurure ?
Narabitse utumera tw’impeshi, 
Ngw’ino nguhembure
Ugire ingoga uheze unyagire se ntu.

Uwagutumye ndamuzi,
Nagize indoto mbona uza wikoreye
Ishishiro rinengesereye urukundo
Nkigukubita amaso sinakuyobewe.

Ikiyago wampaye cantwikirije ayaryoshe
Amanuka mu mutima
Anshwara wese
Ankiza umujenyene nari mfise.

Wansanze nsakawe n’imbeho
None uravuze ndasusuruka
Amaraso atembera neza
Umutima usubira mu nda.

Ntega yompi nanje ntumwa watowe
Nguserurire ikiri ku mutima
Nkubwire iryo ngona
Uheze urimushikirize ataco usize.

Uramubwira uti :
Indamukanyo yawe yayakiriye
Hasigaye ko iranguka imbona nkubone
Uti iteka n’itekane ni bitahe i wawe
Uhorane urweze, uhore ukeye.

Uramubwira kandi uti :
Ntukamutinye na mba
Ni inka n’imirima
Uje iwe wokwisanga
Ubwo bwoba bukuzinda bwohunga.

Uti buri musi abonye aho uri
Agerageza kuhicisha
Ngo akwereke ko abaho
Nubwo adatinyuka kukuraba mu maso.

Uramwongorera uti :
Uratera intambwe imwe, azotera izisigaye
Uramuha ukuboko, azokwiha wese.
Abona uteye igomwe akibaza ko mudahwanye
Ese womutinyuka maze ukamuha kukwubahuka.

Uti muzohurire mu y’umusase
Canke ku rugomero inka zishotse
Bibuze umutege mu makwaza 
Muzoheza muyage muhuza
Ubone ko kumutinya bidakwiye
Ubone ko kumuba kure bitabereye
Kuko uzosanga ari inka n’imirima.

Pilote

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *