Akira impundu

796

Ivyiza n’ivyoratwa, bigashimisha amatwi y’abeza nyene vyo, bigishoboka. Nyaragasa…

Umutima wanje
Watanguye guterera ahatuje hatunganye
Mw’isenga ryihishije rizira ubususuru n’imisuhero;
Hafi y’umudiho
W’umutima wiwe
Uterana ineza n’ubugwaneza,
Ugatera umpumuriza
Ugira uti : “Ndagukunda”, “Ndagukunda”
Uko bukeye, uko bwije.
Ukama undirimbira wikiriza uti : “Nzogukunda”, “Nzogukunda”
« Nzogukunda uko utigeze ubibamwo, Gushika ntagitera. »
Hagati y’umutima
N’umushaha vyiwe,
Hari umuhora ugororotse
Ubugereye amakanda
Y’urukundo n’akamwemwe.

Nawo umutima wanje watanguye kuririmba
Kera, kera kera cane
Umuhogo utarahura n’agahumbezi k’urukundo ngo wuguruke.
Nateye impundu nakirizwa igishika c’uwunshashaye
Ayari amarira acika akaririmbo gahibongorejwe abakunzi, incuti n’abagenzi
Na canecane uuruta abandi
Uwo nabanye nawe amezi icenda
Uwansanganije rya jwi ry’umutima utekanye
Ryuzuye ihumure n’ibihozo.
Nakikijwe n’ibiganza biteze neza
Mu museso w’impore no kurindwa
Nsanganirwa n’umugabo ashitse ubugabo,
Umushingantahe w’ijunja n’ijambo
Ari we yandendegeje anderesha ikiyago.

Nari muzira nkoni, mukubitirwa guhiba abatoni bagatonda kundata
Bugorovye sinagorwa kuko natsinda itako ku mutsima usangiwe tubega dusomera
Aho niho imigani n’uducamugani vyacibwa
Impanuro zigasesekara nayo indero ikadushwara tuyumva.

Kwigumya no kugumya umutima
Kwigumya no kugumya ibanga
Kutikura agashambara
Ngo twihe amenyo y’abatwenzi
Kutiyima no kutiyiba
Kwimara ubukene n’agakengerwe
Kugira umugwiza ku ruhimbi:
Gutanga, gusangira no gusabikanya
Ivyo ni vyo vyamwa twasarurana twisanzuye.
Amajambo yabo ntiyatwarwa n’umuyaga
Ntiyatembagazwa no gushuha kw’ubuyabaga
Yari imvumero ya bitamo itamura abatamye
Na bizima bizimurura abakunzi n’abagenzi.

Nakuze nikina amatavu mu marembo,
Mu rugo rugenderwa n’abanyebuntu
Aho amarembo
Atembererwa atugara,
Nayo amaboko akama ashanje ngo asanganire abarugana bose.
Hamwe hama ikirago c’abasaba indaro,
Iyo inkoko y’abahita yama iri hagufi,
Mu mazi amara imvyiro abarengana,
Mw’ituta ry’ibisabo n’inkongoro z’abashitsi.

Narerewe mw’itoto
Narindwa izuba n’isegenya
Ku biti no ku mabuye
Banijishira amababa
Ngo ntangurire aho bagereje
Hama nguruke, ngurukire kure
Kure aho batashitse.
Nzira kwibagira i bumbeho
Sinzokwibagira impuhwe
Zantwikira nkitswe n’amagara.
Kumba hafi gusa kwarampumuriza
Na wa mutima utaboneka, udakorwako
Watumye kenshi ntora ka mitende.

« Kibondo », « mwana »,
« Mwananje », « ncuti magara ».
Ni vyo bitero vy’akavyino nakuze nitabiriza
Gatewe n’ishurwe rizira ibenja n’ugukayuka rigamburuye
Umuvyeyi, wa muhetsi yama akomeje umugongo
Kuko yama ahetse ivyiza vyinshi,
Yama akomeje amaboko
Kuko akikiye benshi,
Yamana umutima wagutse
Kuko ubikiriye benshi.
Mvoma kw’isoko rya rusengo
Rusesa umusarara nsomako kenshi, nkumva nkunzwe.
Mw’ibahari ry’amahoro n’urukundo.

Ibanga ry’ubuvyeyi
Ribangirwa ingata
Itajishwa na bose
Ni ibanga ritahura intore gusa.
Izo ngabire ni umugisha, umugisha nahawe ntasavye
Impano nagabiwe ntateretse,
Nkayigabana ntashengeye,
Kanatsinda nta bisabisho vyohura
N’ubuhizi bw’abavyeyi nagabiwe…
Nta majambo yobadondora
Mur’abo guhaya.
Nzobatambira, ndabavyinire
Nzobatura, ndabakire
Ndabavyagize, ndabashimire,
Ndabashimishe.
Nzobatera agateka.



Kaze

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *